Uko wahagera

Ubufransa Burafise Umushikiranganji wa Mbere Mushasha


Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubufransa, Manuel Valls
Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubufransa, Manuel Valls
Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, yarahinduye umushikiranganji wa mbere, umusi umwe inyuma yuko umugambwe uri ku butegetsi w’aba Socialite utakaje bikomeye, mu matora yo mu bisagara yabaye, mu gihugu cose.

Prezida w’Ubufransa, ku musi wa mbere yagenye umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Manuel Valls, kuba umushikiranganji wa mbere mushasha, akaba asubiriye, Jean-Marc Ayrault, yatanze imihoho inyuma yuko umugambwe uri ku butegetsi utavyifashemwo neza mu matora.

Abatora mu gihugu c’Ubufransa bariyamirije aba Socialiste, mu matora yo ku musi w’Imana, amatora ya mbere yabaye kuva prezida Hollade atowe mu mwaka w’2012.

Reta yiwe ntishigikiwe n’abanyagihugu, mu gihe ubutunzi bw’igihugu bwifashe nabi, urugero rw’ubushomeri buri hejuru cane, ukubaho neza kw’abanyagihugu batari bake kwasubiye inyuma.

Umugambwe uri ku butegetsi, w’aba Socialiste, watakaje ibisagara ijana na mirongo itanu na bitanu.
XS
SM
MD
LG