Uko wahagera

Abarwanyi b'Umurwi al-Shabab Baratujijwe mu Gisagara ca el-Bur

  • VOA Africa

Abarwanyi b'umurwi al-Shabab

Abarwanyi b'umurwi al-Shabab

Inteko za Reta ya Somalia n’inteko z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, zarafashe igisagara ca el-Bur mu gice co hagati muri Somalia, mu ntambwe za nyuma izo nteko zigize ku barwanyi b’umurwi al-Shabab.

Inteko z’ishirahamwew ry’ibihugu vyo muri Afrika muri Somalia, zizwi kw’izina rya MAISOM, zatangaje ku wa gatatu ko zasubiye kwigarurira igisagara ca el-Bur, kiri ku bilometero amajana atatu na irongo itanu, mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru, Mogadisho, mu gikorwa ca gisirikare camaze imisi itatu.

Mw’itanagzo, inteko za AMISOM, zimenyesha ko zatezwe n'abarwanyi b'umurwi al-Shabab, mu bice bitari bike igihe zariko zitera zegereza igisagara ca el-Bur. Yamara zimenyesha ko zatujije abarwanyi ba al-Shabab.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, icegera ca bulamatari w’ako karere, Abdihakim Abdullahi Warsame, yamenyesheje kw’umurwi al-Shabab utazoshobora kugaruka mu gisagara ca el-Bur, nkuko wabigenjeje imbere yaho, inyuma y’ibitero vyabaye imbere yaho.

Inteko za AMISOM, zimenyesha ko zahabuje ibisagara bikomeye cumi, kuva zitanguye ibitero ku murwi al-Shabab, mu kwezi guheze.
XS
SM
MD
LG