Uko wahagera

Imiryango y'Abashinwa Bari mu Ndege Itwara abantu y'Igihugu ca Malaysia Yazimiye, Baragize Imyiyerekano


Imiryango y'abari mu ndege itwara abantu y'igihugu ca Malaysia yazimiye bariko basemerera amajambo bashavuye imbere ya Ambassade ya Malaysia i Beijing.
Imiryango y'abari mu ndege itwara abantu y'igihugu ca Malaysia yazimiye bariko basemerera amajambo bashavuye imbere ya Ambassade ya Malaysia i Beijing.
Inshuti zishavuye z’abari mu ndege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia yazimiye, bagize imyiyerekano imbere ya Ambassade y’igihugu ca Malaysia I Beijing, mu gihugu c’Ubushinwa, ku wa kabiri, mu gihe igikorwa c’ukorondera iyo ndege cabaye kirahagaritswe, kubera ibihe bibi.

Abantu bagera kw’ijana, bo mu miryango y’Abashinwa bari muri iyo ndege, basavye kumenya ukuri ku vyashikiye iyo ndege, abategetsi ba Malaysia batangaje ko yasambukiye, mu gice kiri kure, mu bumanuko bw’ibahari Indien.

Vyashitse kw’abariko bagira imyiyerekano bita abategetsi b’igihugu ca Malaysia, ababeshi, ku vyerekeye iyo ndege yazimiye.

Inyuma yuko igipolisi kibabujije gushikira abamenyeshamakuru bari hafi yaho, bari babujijwe kwegera abari mu myiyerekano, bamwe mu bari mu myiyerekano baratanye mu mitwe n’igipolisi.
XS
SM
MD
LG