Uko wahagera

Indege Itwara Abantu y'igihugu ca Malaysia Yazimiye ivurwako yaguye mw'Ibahari Indien


Umupfasini umwe mu nshuti z'abari mu ndege itwara abantu y'igihugu ca Malaysia yazimiye, inyuma yuko amenye amakuru ya nyuma ku vyerekeye iyo ndege.
Umupfasini umwe mu nshuti z'abari mu ndege itwara abantu y'igihugu ca Malaysia yazimiye, inyuma yuko amenye amakuru ya nyuma ku vyerekeye iyo ndege.
Igihugu ca Malaysia kimenyesha kw'ivyihwejwe bishasha, vyafashwe n’ivyuma vya satellite, vyerekana kw’windege itwara abantu y’ico gihugu, Boeing 777 yazimiye, yasambukiye mu gice co mu bumanuko bw’ibahari Indien.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Malaysia, Najib Razak, yatangaje ku wa mbere, kw’ugusuzuma neza inzira y’iyo ndege, bifatiye ku vyatororokanijwe n’Isosiyete y’igihugu c’Ubwongereza, hakoreshejwe ivyuma vya satellite, vyerekanye kw’iyo ndege ya Boeing 777, yaguye mu mazi, mu gice ca kure, mu burengero bw’igisagara ca Perth, muri Australia.

Umushikiranganji wa mbere wa Malaysia, Najib Razak, yatangaje kw’amashuti y’abantu amajana abiri na mirongo itatu n’icenda bari muri iyo ndege, vyrari bitegekanijwe kw’ija mu gisagara ca Beijing ivuye mu gisagara ca Kuala Lumpur, bamenyeshejwe ivyayishikiye.

Indege n’ubwato vyo mu bihugu bitari bike biriko birondera ibice vy’iyo ndege, mu mazi ya kure mw’ibahari Indien, ku bilometero ibihumbi biri n’amajana atanu, mu bumanuko bushira uburengero, bw’igihugu ca Australia.
XS
SM
MD
LG