Uko wahagera

Sudani Yo Mu Bumanuko: Ubwicanyi Bugiye Gutohozwa


Umukuru w'igihugu ca Sudan yo mu Bumanuko, Salva Kiir

Umukuru w'igihugu ca Sudan yo mu Bumanuko, Salva Kiir

Umukuru w’umurwi mushasha ujejwe gutohoza ubwicanyi bwabereye mu bumanuko bw’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, yatangaje kw’azokora ibishobotse vyose kugira ngo itohozwa rigiye gukorwa, rigende neza.

Umushingantahe Olusegun Obasanjo yahoze ari president w’igihugu ca Nigeria yatangaje ayo majambo ku igenekerezo rya 12 y'ukwa 3 mu 2014, inyuma y’aho abategetsi batanu bagize uyo murwi w’ishirahamwe rya Afrika, barahiriye mu mumanga mashasha bajejwe.

Umushingantahe Obasanjo yavuze kw’abanyaAfrika hamwe n’abanyahanga kw’isi hose bazoba baririndiriye kuraba ukuntu uyo murwi uzorangura amabanga yawo. Yavuze kw’uwo murwi uzokora ibishobotse vyose kugira ngo werekane ko Afrika ishoboye kwitaho ingorane zayo.

Uyo murwi uzoba ujejwe gutohoza ubwicanyi bwabaye kuva aho ingwano yadukiye mur’ico gihugu hagati mu kwezi kwa cumi na kabiri

Reta ya Sudani yo mu bumanuko irega Riek Machar yahoze ari vice president ko yashatse gukora coup d’Etat hagati mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ivyo birego nivyo vyaciye bituma ingwano yaduka; aho abasirikare ba reta batanye mu mitwe n’abasirikare bagwanya reta, hanyuma hagaca haduka n’ubwicanyi hagati y’abanyagihugu bo mu bwoko bw’abaDinka hamwe n’abanyagihugu bo mu bwoko bw’aba Nuer.
XS
SM
MD
LG