Uko wahagera

Perezida Obama Yagabishije Uburusiya Ku Vyerekeye Crimea


 Perezida Barack Obama ari kumwe n'umushikiraganji wa mbere w'imfatakibanza wa Ukraine, Arseny Yatsenyuk, muri presidence ya Amerika, kw'igenekerezo rya 12 ry'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'2014

Perezida Barack Obama ari kumwe n'umushikiraganji wa mbere w'imfatakibanza wa Ukraine, Arseny Yatsenyuk, muri presidence ya Amerika, kw'igenekerezo rya 12 ry'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'2014

President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama ejo ku musi wa gatatu, yaragabishije igihugu c’Uburusiya kw’ibihugu vyo mu burengero bizofata ingingo zizotuma igihugu c’Uburusiya kihatakiriza mu vyerekeye ubutunzi, mu gihe cobandanya cisuka mu bintu biraba igihugu ca Ukraine.

Umushingantahe Obama yarashikirije ayo majambo ari muri presidence ya amerika, ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza w’igihugu ca Ukraine, Arseny Yasenyuk. Yararemesheje agatimu umushingantahe Yasenyuk kw’ashigikiye igihugu ca Ukraine.

President Obama yavuze kw’abasirikare b’igihugu c’Uburusiya bari mu ntara ya Crimea yo mu gihugu ca Ukraine, bageramiye ubwigenge n’ubumwe vy’ico gihugu.
Yavuze kw’amatora akoreshejwe gihutihuti mur’iyo ntara, ateye kubiri n’amateko mpuzamakungu.

Ku bimwerekeye, umushingantahe Yasenyuk yarashimiye reta ya Amerika, yongera avuga ko reta yiwe yiteguriye kuvugana na reta y’Uburusiya. Yamara yavuze kw’igihugu ca Ukraine kitazigera giheba intara ya Crimea. Yaratangaje kandi ko reta yiwe yiteguriye gutera igikumu ku masezerano n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya, mu mpera z’uku kwezi.
XS
SM
MD
LG