Ivyo birego bishikirijwe mu gihe kandi igihugu c’uburusiya, kiriko kibandanya gufata amakampi ya gisirikare mu ntara ya Crimea.
Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’igihugu c’Uburusiya bujejwe imigenderanire, ryadomyeko urutoki umurwi w’abanyaUkraine bita intangondwa,” Right Sector” kandi rikarega ibihugu vyo mu burengero ko biriko birihoza ubwicanyi bubera mu gihugu ca Ukraine.
Iryo tangazo ryasohowe igihe ubushikiranganji bw’igihugu ca Ukraine bujejwe kwivuna abansi bwatangaza amakuru avuga kw’abantu bambaye impuzu za gisiriakre, bakikuje bakongera bagafata ikampi y’abasirikare bagwanira mu mazi mu gisagara ca Chernomorskoye, hamwe n’ibitaro vya gisirikare mu gisagara ca Simferopol.
Ikinyamakuru co muri reta zunze ubumwe za amerika New York Times, catangaje amakuru avuga kw’abapolisi batesheje ikiganiro c’umugabo yariko aratera ubwoba abamenyeshamakuru yongera afata ibitabo vyabo bandikiramwo amakuru.