Uko wahagera

Uburusiya Burabandanya Gufata Amakampi Ya Gisirikare Muri Crimea.


Abasirkare mu ntara ya Crimea
Abasirkare mu ntara ya Crimea

Igihugu c’Uburusiya ejo ku musi wa mbere, caratangaje kw’abaharanira ineza ya Ukraine b’intagondwa hamwe na reta ya Ukraine ishaka ubucuti n’ibihugu vyo mu burengero, biriko biratera akajagari mu ntara yo mu buseruko bwa Ukraine ifise abanyagihugu bavuga ururimi rw’Ikirusiya.

Ivyo birego bishikirijwe mu gihe kandi igihugu c’uburusiya, kiriko kibandanya gufata amakampi ya gisirikare mu ntara ya Crimea.

Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’igihugu c’Uburusiya bujejwe imigenderanire, ryadomyeko urutoki umurwi w’abanyaUkraine bita intangondwa,” Right Sector” kandi rikarega ibihugu vyo mu burengero ko biriko birihoza ubwicanyi bubera mu gihugu ca Ukraine.

Iryo tangazo ryasohowe igihe ubushikiranganji bw’igihugu ca Ukraine bujejwe kwivuna abansi bwatangaza amakuru avuga kw’abantu bambaye impuzu za gisiriakre, bakikuje bakongera bagafata ikampi y’abasirikare bagwanira mu mazi mu gisagara ca Chernomorskoye, hamwe n’ibitaro vya gisirikare mu gisagara ca Simferopol.

Ikinyamakuru co muri reta zunze ubumwe za amerika New York Times, catangaje amakuru avuga kw’abapolisi batesheje ikiganiro c’umugabo yariko aratera ubwoba abamenyeshamakuru yongera afata ibitabo vyabo bandikiramwo amakuru.
XS
SM
MD
LG