Uko wahagera

Oscar Pistorius Yaragwaye Gushika Aho Ayorwa, Igihe Yariko Araburanishwa


Oscar Pistorius
Oscar Pistorius
Oscar Pistorius, yadashwe muri sentare, ku wa mbere, igihe yariko yumviriza ivyariko bishikirizwa, ku bikomerere vy’umwigeme bakundana, Reeva Steenkamp, igihe yamurasa.

Kubera vyabaye incuro zitari nke, vyatumye umucamanza yigizayo urubanza, mu gihe gitoyi, asaba umu avocat wa Pistorius, kwitaho umu client wiwe.

Pistorious, yariko yumviriza umuganga asuzuma ibiziga vy’abantu kugira amenye impamvu y’urupfu rwabo, yasuzumye ikiziga ca Reeva Steenkamp.

Ivyo vyarimwo kuvuga ibikomere Steenkamp yagize vyatewe n'insoro, ku kuboko kwiwe, mu kiganza, no mu mutwe, igihe Pistorius yamurasa, kw’italiki cumi na zine z’ukwezi kwa kabiri, mu mwaka w’2013.

Imbere yaho, umucamanza yaremeye ivyasabzwe n’abashikirizamanza, vy’ukurorurira kudashikiriza ku ma dadiyo na televiziyo, uburanza rwwo musi ku wa mbere, mu gihe rwariko ruraba, kubera ivyariko bishikirizwa biteye agahinda. Ubutumwa, kuri Twitter, no ku bibanza vya blogs, nabwo nyene bwari buziririjwe.
.
XS
SM
MD
LG