Uko wahagera

Kenya: Perezida na Guverinoma Bazagabanya Imishahara Yabo


Prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta
Prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta
Prezida w’igihugu ca Kenya, n’abagize Reta yiwe, baremeye kugabanya imishahara yabo, mu kigoro k’ugutubika umukanda, mu mugambi w’ukugabanya imishahara ya Reta.

Prezida, Uhuru Kenyatta, yatangaje ku musi wa gatanu ko we n’icegera ciwe bazogabanya imishahara yabo ibice mirongo ibiri kw’ijana, mu gihe abagize Reta n’abanyamabanga bakomeye muri Reta, bemeye kugabanya imishahara yabo, ibice cumi kw’ijana.

Prezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, n’icegera ciwe, William Ruto, bahembwa amafranga arenga ibihumbi ijana na mirongo itanu vy’amadolari, ku mwaka, mu gihe abashikiranganji bahembwa ibihumbi ijana na cumi vy’amadolari, ku mwaka.

Imishahara y’abategetsi bakomeye, muri Reta y’igihugu ca Kenya, n’abashingamateka yatumye abanyagihugu bashavura, haraba imyiyerekano y’abanya Kenya b’abakene, n’abaharanira uburenzira bw’abanyagihugu, mu kiringo c’imyaka itari mike.

Prezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yatangaje ko ariko kandi ashira mu ngiro umugambi mushasha w’ukugabanya urugendo, mu mahanga rw’abategetsi ba Reta, kiretse urugendo rufise akamaro gakomeye.

Prezida Kenyatta, yatangaje kw’igihugu ca Kenya gikoresha hafi y’imiliyaridi zine n’imilioni ibihumbi amajana atandatu z’amadolari, ku mishahara ku mwaka, mu bituma hasigara gusa imiliyaridi zibiri n’imiliyoni ibihumbi amajana atatu vy’amadolari, agenewe iterambere.
XS
SM
MD
LG