Uko wahagera

Malaysia: Kurondera Indege Yaburiwe Irengero Byatanguye.

  • VOA Africa

Ikarata ya Malaysia

Ikarata ya Malaysia

Abategetsi b’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu z’igihugu ca Malasia bamenyesha ko batashoboye kubandanya bavugana n’abakozi bo ku ndege y’iryo shirahamwe, yari ivuye ku murwa mukuru wa Malaysia, Kuala Lumpur, igana umurwa mukuru w’igihugu c’Ubushinwa, Beijing, itwaye abantu amajana abiri na mirongo itatu n’icenda, n’abayikorako.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu ry’igihugu ca Malaysia batangaje, ku kibanza ca Facebook, ko bababajwe n’ukuba batashoboye kubandanya kuvugana abakozi bo kuri iyo ndege itwara abantu hafi y’amasaha abiri, inyuma yuko ihagurutse ivuye ku murwa mukuru wa Malaysia, Kuala Lumpur, mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatandatu.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu ryo muri Malaysia bamenyesha ko bariko bakorana n’abajejwe, mu kurondera irengero ryayo, n’ugutabata abari mur’iyo ndege.

Bakaba bariko bahamagara imiryango y’abari muri iyo ndege, n’abayikorako.

Iyo ndege ni Boeing B777-200.

.
XS
SM
MD
LG