Uko wahagera

Uburengero bwa Centrafrique Bwarahanaguwemwo Aba Islamu

  • VOA Africa

Umutegetsi mukuru w'ishirahamwe O-N-U ajejwe impunzi, Antonio Guterres

Umutegetsi mukuru w'ishirahamwe O-N-U ajejwe impunzi, Antonio Guterres

Umutegetsi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, ajejwe impunzi, Antonio Guterres, yatangaje kw’igice co mu burengero bw’igihugu ca Centrafrique, catujijwemwo aba Islamu nka bose, mu gihe we n’abandi bariko basaba kw’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe umutekano kw’isi rwofasha.

Guterres yabwiye urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, ku musi wa kane kw’ata rugendo yari bwagire mu kiringo c’imyaka umunani irangiye, mu mabanga y’umutegetsi mukuru w’ishirahamwe O-N-U ajejwe impunzi, rwamuteye agahinda nk’igihugu ca Centrafrique.

Antonio Guterres, umutegetsi akomeye ajejwe impunzi mw’ishirahamwe O-N-U yatangaje kw’ubunyamaswa bubera muri ico gihugu, butagira uko buvurwa.

Urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, ruriko rwiyumvira nimba rworungika inteko zijejwe gucungera umutekano ibihumbi cumi na bibiri muri Centrafrique, aho ugutana mu mitwe hagati y’abarwanyi b’aba Islamu n’aba Kristu, kwahitanye abasivile batari bake, abandi ibihumbi amajana n’amajana bakaba batagira aho bakika umusaya.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Centrafrique, Toussaint Kongo-Doudou, yatangaje ko Reta y’igihugu ciwe, izokwakirana amaboko yompi inteko z’ishirahamwe O-N-U. Yavuze ko kazoza ka Centrafrique gafatiye kuri izo nteko.

Ambassadeur w’Ubufransa mw’ishirahamwe O-N-U, Gerard Araud, yatangaje kw’azoshikiriza ingingo ku vyerekeye inteko zijejwe gucungera umutekano, mu ndwi ziri imbere, akaba yiteze kw’iyo ngingo izokwemezwa. Yamara yatangaje ko yiteze ko haba ibiganiro bitoroshe, ku mafranga izo nteko zokoresha.
XS
SM
MD
LG