Uko wahagera

Prezida Obama Yaravuganye na Prezida Putin kw'Itelefone, kuri Ukraine


Prezida, Barack Obama dariko avuga ku vyerekeye uko ibintu bimeze muri Ukraine
Prezida, Barack Obama dariko avuga ku vyerekeye uko ibintu bimeze muri Ukraine
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yabwiye prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, kw’ingingo z’abategetsi b’igihugu c’Uburusiya zirenga, ku bwigenge n’imbibe z’igihugu ca Ukraine.

Abo bategetsi babiri baravugany,e mu kiringo c’isaha, kw’itelefone, ku musi wa kane, aho prezida Obama yavuze ku buyro bunonosoye ingingo zafashwe na Reta ya Amerika, n’ama Reta y’ibihugu bicuditse, mu kwishura ku ngingo y’Uburusiya y’ukurungika inteko, mu kigobe c’intara ya Crimee.

Bubaye ubugira kabiri bavugany,e inyuma yuko bavuganye ubwa mbere, ku musi wa gatandatu, w’indwi iheze, gatoyi imbere yuko inteko z’Uburusiya zigarurira ikigobe ca Crimee.

Abategetsi bo mu biro vya prezida wa Amerika bamenyeshako prezida Obama, yabwiye prezida Puti,n ko hakiri uburyo bw’ugutorera inyishu ikibazo co muri Ukraine, biciye mu mahoro.

Yatangaje ko vyosaba kw’inteko z’igihugu c’Uburusiya zosubira mu kibanza cazo zategerezwa kuba zirimwo, mu ntara ya Crimee, Reta ya Ukraine n’Uburusiya bikagirana ibiganiro amaso mu yandi, mu gihe abaserukira amakungu borekurirwa kubona kw’uburenganzira bw’Abarusiya, muri Ukraine bukingiwe.

Ku musi wa kane, prezida Obama, yatangaje ko referendum yo kw’italiki cumi na zitandatu, z’ukwezi kwa gatatu, yatumweko n’abashingamateka bashigikiye Uburusiya, kuri kazoza k’intara ya Crimee, iciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu, n’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Ukraine.

Mw’ijambo yashikirije mu biro vyiwe, Maison Blanche, ku musi wa kane, prezida Obama, yatangaje kw’ibiganiro ivyarivyo vyose, kuri kazoza k’igihugu ca Ukraine, gategerezwa kuba karimwo Reta yemewe y’igihugu ca Ukraine.

Mu gihe ivyerekeye kazoza ka politike, muri Ukraine, bitari bitomoye, ku musi wa kane, prezida Obama, yarateye kandi igikumu kw'itegeko rirekurira ibihano, kubo bizokwibonekeza ko basahuye amatungo y’abanyagihugu bo muri Ukraine, canke abarenze ku bwigenge, n’imbihe z’igihugu ca Ukraine.

Iryo tegeko ririmwo kwima ama visas, n’ukubuza uwariwe wese yageramiye inzego za demokrasi, muri Ukraine, kurungika amatungo yiwe muri Amerika. Iryo tegeko rya prezida Obama ntirivuga amazina y’abantu rizoba ryerekeye.

Prezida Obama, yatangaje kw’ivyo bihano vyafashwe, akoreye hamwe n’ibihugu bicuditse na Amerika, vy’I Bulaya.
XS
SM
MD
LG