Uko wahagera

Umurwi Mushasha Urwanya Ubutegetsi MNB “ ABIGURUBURUNDI”


Richard Ciramunda, umukuru w'umurwi urwanya ubutegetsi mu Burundi, MNB
Richard Ciramunda, umukuru w'umurwi urwanya ubutegetsi mu Burundi, MNB

Umukuru w’umurwi mushasha urwanya ubutegetsi mu Burundi, Richard Ciramunda avuga kw’umurwi arongoye MNB- Movement National Burundais Abiguruburundi, wafashe ibigwanisho kugira ngo ugondoze reta avuga ko yamunzwe na ruswa kandi itwara nabi.

Umushingnatahe Ciramunda avuga kw’ingingo yo gufata ibigwanisho, ar’ingingo yafashwe ubwa nyuma ngo kuko reta y’Uburundi yanse ibiganiro n’uyo murwi.

Avuga kandi kw’adatinya ingaruka z’ingwano nk’iyo kandi kw’adatinya ko sentare mpuzamakungu izomubaza amabi yokorerwa mu ngwano ivuye ku bitero vy’umurwi wiwe, ngo kuko umurwi arongoye ata mugambi wo gukorera ikibi abanyagihuguufise, ahubwo ngo umurwi wiwe ufise umugambi wo gukingira hamwe no kugarukira abo banyagihugu:
Aratngura avuga icatumye umurwi wiwe ufata ibigwanisho kandi ukora igitero mu Burundi kw'igenekerezo rya 2 ry'uku kwezi kwa gatatu:

Mushobora kwumviriza ikiganiro.
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:13 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG