Uko wahagera

Ishirahamwe ry’Ibihugu vy’I Bulaya Ryarahagaritse Amatungo y’Abanya Ukraine 18.


Intara ya Crimee muri Ukraine
Intara ya Crimee muri Ukraine
Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya ryatangaje ko ryahagaritse amatungo y’amafranga, mu karere k’I Bulaya, y’abanya Ukraine cumi n’umunani iryo shirahamwe rivuga ko bakoresheje nabi amafranga ya Reta y’igihugu ca Ukraine.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya bemeje urutonde ry’abo banya Ukraine ku wa gatatu, yamara bahisemwo kudatangaza ayo mazina, mu kiringo c’umusi, imbere yuko itangazwa icese ry’ayo mazin,a kugira ntibibahe akaryo ka nyuma k’ugukura amatungo yabo, mu karere k’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya.

Ivyo bihano bozshirwa mu ngiro, mu kiringo c’umwaka.

Amakuru atangwa amenyesha ko prezida yakuwe ku butegetsi muri Ukiraine, Viktor Yanukovych, ashobora kuba ari ku rutonde ry’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya.

Ubuswisse na Liechenstein, ibihugu bibiri vy’I Bulaya bitari mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya, biza vyarahagaritse amatungo ya Yanukovych, muri ivyo bihugu, hamwe n’amatungo y’abandi bategetsi cumi n’icenda, b’igihugu ca Ukraine.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, batangaje ko bizeye ko bazotora ayo matungo bakayasubiza Reta nshasha y’igihugu ca Ukraine.

Muri ico gihe, Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya rimenyesha ko ryumvikanye, ku ngurane, n’infashanyo y’imiliyaridi cumi na zitanu z’amadolari, agenewe Reta ya Ukraine igeramiwe n’amadeni.

Umukuru w’urwego rukuru rw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, Jose Manuel Barroso, yatangaje kw’ayo mafranga agenwe gufasha Reta y’igihugu ca Ukraine, ihurikiyemwo impande zose, kandi ifise imigambi y’uguhindura ibintu.
XS
SM
MD
LG