Uko wahagera

Rwasa Avuga Kw’Umurwi Wiwe Utazofata Ibigwanisho.

  • Frederic Nkundikije

Agathon Rwasa

Agathon Rwasa

Agathon Rwasa arongoye uruhande rumwe n’umugambwe FNL avuga ko mu gihe uruhagarara ruri mu Burundi, rutorangira, hari aboshobora gufata ibigwanisho.

Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya amerika, Agathon Rwasa aragabisha avuga ko mu gihe reta y’Uburundi itohindura ivyo avuga kw’ar’inyifato yo kwisunga mu biraba imigambwe itavuga rumwe na reta hamwe n’ukuyicamwo imice, ngo hashobora kuba abantu bashavujwe n’ukuntu ibintu vyifashe mur’iki gihe, maze bagafata ibigwanisho.

Umushingnatahe Rwasa avuga ko mu mirwi ishobora gufata ibigwanisho, umurwi wiwe utarimwo kuko azi neza kw’uburundi bwamaze igihe kirekire mu ntambara bukeneye amahoro, yamara ngo hari abantu benshi bashavujwe n’inyifato hamwe n’akarenganyo ngo bikorwa na reta, bashobora gucisha aho ishavu rishize bagafata ibigwanisho.

Rwasa aridogera ukuntu ivyari vyapfunditswe n’abarundi batari bake mu mishikirano yari yabaye, vyagwijwe n’ubusa n’inama nshingamateka:

Mushobora kwumviriza ikiganiro.
XS
SM
MD
LG