Uko wahagera

Inama Nshingamateka muri Ukraine Yaremeje Yatsenyuk Kuba Umushikiranganji wa mbere


Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Ukraine, Arseniy Yatsenyuk
Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Ukraine, Arseniy Yatsenyuk
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ukraine, Arseniy Yatsenyuk, yagiriza Reta yakuwe ku butegetsi ya prezida Viktor Yanukovich, ko yasahuye imiliardi n’imiliardi y’amadolari mu kigega ca Reta.

Inama nshingamateka yaremeje Yatsenyuk, umutegetsi ashigikiwe cane mu bayoboye abatavuga rumwe an Reta, mu mabanga y’ukuba umushikiranganji wa mbere nfatakibanza kw'italiki 27 z’ukwezi kwa kane.

Yatsenyuk, yatangaje kw’imiliyardi mirongo irindwi y’amadolari, mu mafranga ya Reta ya Ukraine, yarungitswe mu ma comptes yo mu mahanga, mu kiringo c’imyaka itatu irangiye, kw’imiliyaridi mirongo itatu n’umunani y’amadolari y’ingurane Reta ya Ukraine yaronse yazimanganye, mu vyatumye igihugu ca Ukraine kigira ibibazo bikomeye cane vy’amafranga.

Yatsenyuk, ari ku ruhande rw’ibihugu vy’I Bulaya na Amerika, yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire, n’umushikiranganji ajejwe ubutunzi, mu gihugu ca Ukraine.

Kimwe mu bintu bikomeye vya mbere ategerezwa gukora, n’ugutuma ubutunzi bw’igihugu ca Ukraine budasenyuka.

Ikigega Mpuzamakungu F-M-I, n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya vyarungitse imirwi y’ababiserukira, muri Ukraine, kwihweza ibikenewe n’ico gihugu.
XS
SM
MD
LG