Uko wahagera

Ibanki y’Isi Yose Yarahagaritse Ingurane Igenewe Uganda


Ibinyamakuru muri Uganda inyuma yuko prezida Museveni ateye igikumu kw'itegeko rigeramira abakundana basagiye ibitsina
Ibinyamakuru muri Uganda inyuma yuko prezida Museveni ateye igikumu kw'itegeko rigeramira abakundana basagiye ibitsina
Ibanki y’isi yose yarahagaritse ingurane y’imiliyoni mirongo icenda z’amadolari, yari igenewe igihugu ca Uganda, kubera itegeko rishasha ry’ico gihugu rigeramira abakundana n’abo badasangiye ibitsina.

Ayo mafranga yari agenewe ivyerekeye amagara y’abantu, muri Uganda.

Umuvugizi w’ibanki y’isi yose, David Theis, yatangaje kw’abategetsi b’ibanki y’isi yose bashaka kwihweza kurushiriza, ivy’uko nimba itegeko rishasha rigeramira abakundana n’abo basangiye ibistina rizogeramira ivyo iyo ngurane ishaka gushikako.

Ibihugu vya Danemark na Norvege biza vyatangaje ko bihagaritse imiliyoni n’imiliyoni y’amadolari y’infashanyo vyaha Reta y’igihugu ca Uganda. Ubusweda buriko bugabisha kubigenza nkuko.

Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yateye igikumu kw’itegeko rishasha rigeramira abakundana n’abo basangiye ibitsina kw'italiki 24 z'ukwezi kwa kane.

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yagereranije iryo tegeko n’Ubudagi bw’aba Nazi, na Apartheid, muri Afrika y’epfo.
XS
SM
MD
LG