Uko wahagera

Amatelefone Ntiyakora Neza Igihe Haba iIgitero kw'Ishule Ryisumbuye, Buni Yadi, muri Nigeria


Aho ishule ryisumbuye, Buni Yadi, rihereye kw'ikarata ya Nigeria
Aho ishule ryisumbuye, Buni Yadi, rihereye kw'ikarata ya Nigeria
Igisirikare c’igihugu ca Nigeria catangaje kw'amatelefone, ameze nabi, yatumye abasirikare badatabara, ku vyerekeye igitero cagizwe kw’ishule, mu masaha yo mu gitondo co ku musi wa kabiri, cahitanye abantu bagera kuri mirongo itandatu.

Mu kiganiro yahaye, Ijwi rya Amerika, Service y’igi Hausa, ejo ku musi wa gatatu, umuvugizi w’igisirikare ce Nigeria, Eli Lazarus, yatangaje ko hari abasirikare hafi y’ishule ryisumbuye rya Reta, Buni Yadi, yamara kubera amatelefone atakora, nta numwe yashoboye gushikira abantu bo kuri iryo shule.

Abantu batamenyekanye bateye iryo shule hafi y’isaha umunani zo mw’ijoro rishira ku musi wa kabiri, baraturira inyubakwa, bongera bica abanyeshule, mu gihe bariko bagerageza guhunga.

Ntawiyitiriye ico gitero, yamara abagetetsi bo muri ako karere bagiriza umurwi w’intagondwa z’aba Islamu, Boko Haram, ku vyerekeye ico gitero.

Abishwe bose kuri iryo shule bari abahungu.

Bulamatari w’intara ya Yobe, Ibrahim Gaidam, yaragendeye ibisigarira vy’ishule, Buni Yadi, ku musi wa kabiri, akaba yaranebaguye igisirikare, kubera cananiwe gukingira abanyeshule biga kuri iryo shule.

Yatangaje ko kuba amatelefone yaciwe n’impaka, imbere y’igiteto cagizwe kuri iryo shule bitomutangaza
.
Mw’ijambo, ejo ku musi wa gatatu, prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan, yariyamirije ubwicanyi bwakozwe kw’ishule ryisumbuye, Buni Yadi, akaba yiyemeje ko Reta yiwe izobandanya igikorwa cayo c’ukuzimanganya iterabwoba.
XS
SM
MD
LG