Uko wahagera

John Kerry, Yagereranije Itegeko Rigeramira Abakundana n'Abo Basangiye Ibitsina, Muri Uganda n'Intwaro y'Aba Nazi na Apartheid


Secreteri wa Departement ya John Kerry
Secreteri wa Departement ya John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yagereranije itegeko rishasha rigeramira abakundana n’abo basangiye ibitsina, mu gihugu ca Uganda, n’intwaro y’aba Nazi, mu gihugu c’Ubudagi, na apartheid, muri Afrika y’epfo.

Joh Kerry yavuze, ejo ku musi wa gatatu, kw’iryo tegeko rishasha rigayitse cane.

John Kerry yavuze kw’amategeko ageramira abakundana n’abo basangiye ibitsina atera ibibazo Amerika, kubera yavuze kw'uburenganzira bw’abakundana n’abo basangiye ibitsina ari uburenganzira bw’ikiremwa muntu.

Ibihugu bibiri vy’I Bulaya vyagabanije infashanyo vyaha Reta y’igihugu ca Uganda, kubera itegeko rishasha rigeramira abakundana n’abo basangiye ibitsina.

Igihugu ca Denemark catangaje, ejo ku musi wa gatatu, ko kizocisha ku mashirahamwe aserukira abanyagihugu, n’abikorera ku giti cabo, hafi y’imiliyoni icenda n’ibihumbi ijana vy’ama dolari y’infashanyo, yari igenewe Reta ya Uganda.

Igihugu ca Norvege catangaje imbere yaho ko kizogumya hafi y’imiliyoni umunani n’ibihumbi amajana abiri y’amadolari y’infashanyo, yari igenewe igihugu ca Uganda, mu gihe ico gihugu kizokwongereza ivyerekeye gushigikira abaharanira agateka ka muntu na demokrasi.

Igihugu c’Ubusweda, caragabishije gufata ingingo nkiyo y’ukugabanya infashanyo yari igenewe Reta y’igihugu ca Uganda. Ivyo bihugu uko ari bitatu vyifatanije na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, n’ibindi bihugu vy’I Bulaya mu kwiyamiriza itegeko ryataweko igikumu na prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, ku musi wa mbere.

Iryo tegeko riraziririza kuvugira ivyerekeye abakundana n’abo basangiye ibitsina, abafashwe bagize imibonano mpuzabitsina basangiye ibitsina, bakaba bashobora gufatirwa igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.
.
XS
SM
MD
LG