Uko wahagera

Abarwanyi Barishe Abanyeshule, Kw'Ishule Yisumbuye ya Reta muri Nigeria


Ikarata yerekana aho ishule yisumbuye ya Reta ya Buni Yadi iri, muri Nigeria
Ikarata yerekana aho ishule yisumbuye ya Reta ya Buni Yadi iri, muri Nigeria
Abantu bikekwako ari intagondwa z’aba Islamu barishe abanyeshule barenga mirongo itatu, ejo ku musi wa kabiri, mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria, mu gitero prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan, yavuze ko ari igitero kigayitse kirangwa n’urwanko n’ubunyamaswa.

Ico gitero cabaye, mu masaha yo mw’ijoro, kw’ishule yisumbuye ya Reta, Buni Yadi mu ntara ya Yobe.

Abanyashule n’abavyayi babo babwiye Ijwi rya Amerika, Service y’igi Hausa, kw’abagize ico gitero baturiye ibibanza vy’uburaro vy’abo banyashule, bica abo banyeshule n’imipanga n’imbugita.

Ivyabona batangaje kw'igihe abanyashule bagerageza guhunga, ababateye babasubije ku nguvu, mu nyubakwa zariko zirasha. Abo barwanyi bishe abanyeshule b’igistinagabo gusa.

Nta numwe yiyitiriye ico gitero, yamara abategetsi b’igihugu ca Nigeria bagiriza umurwi, Boko Haram.

Itangazo ryo mu biro kwa prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan, ryamenyesheje kw’abo banyeshule bishwe ataco bazira, ko bishwe n’abagira iterabwoba, badakwije mu mutwe, abantu batakaje Ubuntu, bacitse ibikoko.

Umurwi Boko Haram, uriko ugerageza gutuma uburaruko bw’igihugu ca Nigeria buba igice kirangwa n’amategeko ya ki Islamu.

Umurwi Boko Haram, wagirizwa iyicwa ry’abantu ibihumbi n’ibihumbi, kuva mu mwaka w’2009, harimwo ibitero ku misigiti, amasengero, imihana n’ibibanza vya Reta.
XS
SM
MD
LG