Uko wahagera

Ikinyamakuru co Muri Uganda Caratanze Urutonde rw'Amazina Akomeye y'Abakundana n'Abo Basangiye Ibistina.


Abanya Uganda bariko basoma ikinyamakuru, The Pepper i Kampala, ku murwa mukuru wa Uganda
Abanya Uganda bariko basoma ikinyamakuru, The Pepper i Kampala, ku murwa mukuru wa Uganda
Ikinyamakuru, Red Pepper, co mu gihugu ca Uganda carasohoye urutonde rw’abo kivuga kw'ari amazina akomeye y'abantu bakundana n’abo basangiye ibitsina, umusi umwe inyuma yuko prezida w’igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, ateye igikumu kw’itegeko rishasha rigeramira abakundana n’abo basangiye ibitsina.

Ikinyamakuru, The Red Pepper, casohoye urutonde rw’amazina y’abo bantu, n’amasanamu atari make.

Abakundana n’abo basangiye ibitsina, mu gihugu ca Uganda, barerekanye impungenge ko bashobora guhagarikwa, hisunzwe iryo tegeko rishasha, rikomeza igihano ku mibonano mpuzabitsina y’abasangiye ibitsina, rikongera rikaziririza guharanira inyifato y’abakundana n'abo basangiye ibitsina.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye igihugu ca Uganda gufuta iryo tegeko. Ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, vyavuze kw’iryo tegeko rigeramira abakundana n'abo basangiye ibitsina, ku buryo rizogeramira urugamba rw’ukurwanya indwara ya sida.

Umuvugizi wa Departement ya Reta ya Amerika, Jen Psaki, yatangaje ko Amerika iriko isubira kwihweza imigenderanire ya Amerika n’igihugu ca Uganda, kubera iryo tegeko.

Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yarashigikiye iryo tegeko, mu birori vy’ukuriterako igikumu, ku musi wa mbere, mu kuvuga ko hari imirwi y’abantu bariko bagerageza gutuma abakiri bato b’abanya Uganda bijukira inyifato y’abakundana n'abo basangiye ibitsina. Yatangaje kw’ata vyatohojwe bihari, vyerekana kw’abantu bavuka bameze gutyo.
XS
SM
MD
LG