Uko wahagera

Amakungu Yatangaje Kw’Afashe Mu Mugonga Ukraine


Catherine Ashton ajejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry''ibihugu vy'ibulaya
Catherine Ashton ajejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry''ibihugu vy'ibulaya

Umutegetsi ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya yatangaje kw’amakungu azoha igihugu ca Ukraine imfashanyo ikomeye cane, mur’iki gihe ico gihugu kiriko kiragerageza gutunganya reta nshasha, inyuma y’aho president victor Yanukovych, akuriwe.

Catherine Ashton yatangaje iyo nkuru igihe yariko atanga ikiganiro uyu musi wa kabiri, ari I Kiev ku murwa mukuru w’igihugu ca Ukraine. Yavuze kw’amabanki yo mu bihugu vyo mu burengero, ariko ariga uburyo bwo gufasha igihugu ca Ukraine kuzamura ubutunzi bwaco, inyuma y’amezi atati kimaze mu mu myiyerekano hamwe n’akajagari.

Umupfasoni Ashton yateye akamo kandi igihugu c’Uburusiya kagisaba kureka igihugu ca Ukraine kugira ngo cironderere uburyo bwo kuva mur’ako kajagari.

Uyu musi ku wa kabiri kandi, inama nshingamateka y’igihugu ca Ukraine yimuriye ku musi wa kane, igikorwa co gutora reta nshasha y’ubumwe. Umukuru w’inama nshingamateka, arinawe ariko ararangura amabanga y’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, Oleksandr Turchynov, yatangaje iyo nkuru uyu musi ku kabiri, igihe inama nshingamateka, yariko ishikiriza abategetsi bayo bashasha.

Amakuru ariko aratangazwa, avuga ko gusibisha igikorwa co gutora abashikiranganji, bizotanga akaryo ko kuganira n’imirwi itandukanye imbere yo gutora abo bashikiranganji.

Bitegekanijwe kw’icegera ca secreteri wa department ya reta ya amerika William Burns aba ari mu gihugu ca Ukraine uyu musi ku wa kabiri. Bitegekanijwe kandi kw’abonana na president w’imfatakibanza, Turchynov hamwe n’abashingamateka batari bake
XS
SM
MD
LG