Uko wahagera

Ukraine Yarasohoye Impapuro z'Ugufata Viktor Yanukovych.


 Prezida Viktor Yanukovych yakuwe ku butegetsi muri Ukraine
Prezida Viktor Yanukovych yakuwe ku butegetsi muri Ukraine
Reta nfatakibanza y’igihugu ca Ukraine yarasohoye impapuro z’ugufata prezida yakuwe ku butegetsi, Viktor Yanukovych, mu kumwagiriza n’abandi bategetsi ko bagandaguye ikivunga abari mu myiyerekano.

Umushikiranganji nfatakibanza w’intwaro yo hagati, Arsen Avakhov, yatangaje isohorwa ry’izo mpapuro mw’itangazo ku kibanza ca Facebook, ejo ku musi wa mbere.

Yamenyesheje ko Yanukovych, yabonywe ubwa nyuma mu ntara y’igihugu ca Ukraine, ya Crimee, ishigikiye Uburusiya, yamara aho yoba ari muri iki gihe ntibitomoye.

Umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, Dmitry Medvedev, ejo ku musi wa mbere yaribajije nimba abategetsis bashasha b’igihugu ca Ukraine ari abategetsi bemewe, mu kuvuga ko bashitse ku butegetsi mu mugumuko ukoresheje ibirwanisho.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu c’Uburusiya bwatangaje kw’uburyo bw’agahotor n’iterabwoa buriko bukoreshwa mu ntara zitandukanye, mu gihugu ca Ukraine, kugira biremere abatemera ihindurwa rya Reta.

Ku musi w’Imana, Uburusiya bwarahamagaye ambassadeur wabwo muri Ukraine, kugira avugane na Reta y’igihugu ciwe, ku kugene ibintu biriko bitera bimera nabi, mu gihugu ca Ukraine.

Umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, Dmitry Medvedev yatangaje, ejo ku musi wa mbere, ko Ambassadeur w’Uburusiya muri Ukraine yahamagawe, kubera inyungu z’Uburusiya zigeramiwe, n’ubuzuma n’amagara y’abanyagihugu babo muri Ukraine.
.
XS
SM
MD
LG