Uko wahagera

Prezida wa Zimbabwe,Robert Mugabe, Yarahimbaje imyaka Yiwe 90 y'Amavuko


Prezida wa Zimbabwe,Robert Mugabe, ariko arashikiriza ijambo mu birori vy'uguhimbaza imyaka mirongo icenda yiwe y'amavuko
Prezida wa Zimbabwe,Robert Mugabe, ariko arashikiriza ijambo mu birori vy'uguhimbaza imyaka mirongo icenda yiwe y'amavuko
Prezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe, yarahimbaje imyaka mirongo icenda yiwe y’amavuko, ejo ku musi w’Imana, ahitwa Marondera, hafi y’ibilometero mirongo irindwi mu buseruko bw’umurwa mukuru, Harare.

Mw’ijambo yashikirije, ryamaze igihe kirenga isaha, Mugabe, umutegetsi arusha imyaka abandi bategetsi bo mu karere ka Afrika, yatangaje ko kw’atazorekurira inyifato y’abakundana, canke abagirana imibonano mpuzabitsina basangiye ibitsina, mu gihugu ca Zimbabwe.

Prezida Mugabe, yavuze kw’iyo nyifato ituma umugera utera indwara ya Sida ukwiragira.

Prezida Mugabe yavuze kw’abantu baremwe nk’abagabo n’abagore, kugira bashobore kuronka abana.

Prezida Mugabe, yatwaye igihugu ca Zimbabwe kuva igihecikukira mu mwaka w’1980, yatangaje kw’azorwanya ruswa.

Ibirori vy’uguhimbaza imyaka mirongo icenda y’amavuko yiwe, vyatwaye amafranga agera ku muliyoni w’amadolari.

Abatavuga rumwe na reta ntibitavye ivyo birori, mu mugambi w’ukwiyamiriza ivyo bavuga ko prezida Mugabe yananiwe kugarukira ubutunzi bw’igihugu bwayanzaye.
XS
SM
MD
LG