Uko wahagera

Mu gihugu Ca Ukraine, Julia Tymoshenko Yararekuwe


 Viktor Yanukovych
Viktor Yanukovych

AbanyaUkraine barakiriye nk’intwari, abategetsi barongoye abatavuga rumwe na reta hamwe na Julia Tymoshenko yahoze ar’umushikiranganji wa mbere, baherutse kurekurwa.

Ejo ku musi wa gatandatu, uyo mufasoni yahoze ar’umushikiranganji wa mbere yarahaye ikiganiro abantu bagira imyiyerekano ku murwa mukuru Kiev, araheza arabatera akamo kabasaba kubandanya imyiyerekano.

Uyo mufasoni yarekuwe, yahora apfungiwe mu bitaro, hisunzwe amasezerano yapfunditswe. Yari yaragirijwe ko yakoresheje ubutegetsi bwiwe nabi, yamara abamushigikiye bavuga kw’ivyo birego vyari vyashikirijwe na president Victor Yanukovyck kubera imvo za pollitike.

Julia Tymoshenko yatangiye ico kiganiro mu kibanza citwa Kiev Independence Square yicaye mu ntebe y’ibimuga, kubera ububabare afise mu mugongo. Tymoshenko yavuze kw’abantu bagira imyiyerekano, ar’intwari, yongera arabasaba kubandanya bakora imyiyerekano, imbere y’uko amarira amutanga hasi.

Ejo ku musi wa gatandatu ku mugoroba, inama nshingamateka yo mu gihugu ca Ukraine yaratoye ingingo yo gukura president Yanukovych mu mabanga ya president hamwe no gukoresha amatora imbere y’igihe; aho hakazoba ari kw’igenekerezo rya 25 ry’ukwezi kwa gatanu.

Inama nshingamateka yo mu gihugu ca Ukraine, yaratoye kandi umukuru w’inama nshingamateka mushasha, Oleksandr Turchynov, yamye kuva kera acuditse na Tymoshenko. Uwahora ar’umukuru w’inama nshingamateka kandi acuditse na reta, Volodymyr Rybak, yaratanze imihoho.

President Yanukovich yari yahunze igisagara ca Kiev akaja mu gisagara co mu buseruko citwa Kharkiv, yavuze kw’ingingo zafashwe n’inama nshingamateka, ziteye kubiri n’amategeko. Yavuze kw’abatavuga rumwe na reta, bameze nk’abaNazi, yongera avuga kw’atazokwigera ava mu gihugu ca Ukraine.

Reta ya amerika nayo, yarashimye ivyabaye mu gihugu ca Ukraine ejo ku musi wa gatandatu, yongera ivuga kw’irekurwa rya Yulia Tymoshenko, yahoze ar’umukiranganji wa mbere, ar’inkuru nziza cane.

Ijambo ryashikirijwe n’ibiro vya president Barack Obama, rivuga kw’abategetsi bo muri reta ya Amerika babandanya gutera akamo gasaba impande zose guhagarika ingwano mu gihugu ca Ukraine.

Iryo jambo rivuga kandi ko reta ya amerika izoshimikira ku biganiro bishira imbere inzira ya demokrasi mu gihugu ca Ukraine, birimwo igihugu c’Uburusiya; ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu.
XS
SM
MD
LG