Uko wahagera

Abantu Mirongo Ibiri na Batandatu Barapfuye, mu Gutana mu Mitwe Gutera Kwiyongera, muri Ukraine


Abari mu myiyerekano y'ukwiyamiriza Reta ya Ukraine bariko batana mu mitwe n'igipolisi mu kibanza citiriwe ukwikukira, ku murwa mukuru wa Ukraine, Kievl
Abari mu myiyerekano y'ukwiyamiriza Reta ya Ukraine bariko batana mu mitwe n'igipolisi mu kibanza citiriwe ukwikukira, ku murwa mukuru wa Ukraine, Kievl
Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Reta, mu gihugu ca Ukraine, bari bakiri mu kibanza gikuru kuri ku murwa mukuru, ejo ku musi ku wa gatatu, inyuma y’umusi waranzwe n’ugutana mu mitwe gukomeye n’igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko, kwahitanye abantu mirongo ibiri na batandatu, mu ruhagarara rukomeye cane rutari bwabe, mu kiringo c’amezi atatu c’imyiyerekano.

Prezida w’igihugu ca Ukraine, Viktor Yanukovych, yagirije abayoboye abatavuga rumwe na Reta urwo ruhagarara n’ubwo bwicanyi vyiyongeye, igihe igipolisi kirwanya imigumuko gishwiragize imyiyerekano ikomeye y’abatavuga rumwe na Reta, mu kibanza barimwo, ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev, ku muhingamo wo ku musi wa kabiri.

Ibiro vy’igihugu ca Ukraine bijejwe umutekano, vyatangaje ejo ku musi wa gatatu ko vyatanguye igikorwa c’ukurwanya iterabwoba kigenewe kugarukana umutekano n’amategeko, mu gihugu.

Mw’itangazo ryashizwe ku kibanza ca internet c’ivyo biro, Umukuru wavyo, Oleksandr Yakimenko, yatangaje kw’inyubakwa za Reta, ibiro vy’abijejwe umutekano, n'ibibanza bibikwamo ibirwanisho vyafashwe. Amenyesha kw’ibirwanisho igihumbi n’amajana atanu, amasasi ibihumbi ijana, vyatahiye mu minwe y’inkozi z’iikibi, mu kiringo c’umusi urangiye.

Prezida wa Ukraine, Viktor Yanukovych, avuga kw'imirwi y’intagondwa, n’ibikorwa vyayo, bigeramiye bikomeye ubuzima bw’abanya Ukraine, imiliyoni n’imiliyoni.
XS
SM
MD
LG