Uko wahagera

Oscar Pistorius, Afise Umubabaro Ntangere, Ku Rupfu rw'Umwigeme Bakundana, Reeva Steenkamp

  • VOA Africa

 Oscar Pistorius

Oscar Pistorius

Mw’itangazo ryashizwe ku kibanza ca internet, Pistorius, yatangaje kw’ata majambo afise ashobora kuvuga ku kugene yumva amerewe ku vyo yiwe impanuka yahitanye ubuzima bwa, Reeva Steenkamp.

Bitegekanijwe ko ,Pistorius, yacitse amaguru yose, yabaye umunonotsi wa mbere yahiganywe, mu nkino mpuzamakungu za olympique, aja imbere y’intahe kw’igandagurwa rya Steenkamp, kw’italiki zitatu z’ukwezi kwa gatatu.

Abashikirizamanza bavuga ko Pistorius, yishe n’impaka Steenkamp, mu nzu yiwe, mu gisagara ca Pretoria, inyuma yuko bateranye amajambo.

Se wabo wa Oscar Pistorious, Arnold Pistorious, yatangaje, ejo musi ku wa gatanu, kw’umuryango wishimiye, kw’iraswa rya Steenkamp, ari impanuka ibabaje cane.
.
XS
SM
MD
LG