Uko wahagera

Indyane ziri mu mugambwe Uprona Hamwe N’Uruhagarara Rwa Politike


Ibintu biguma bihindagurika mu mugambwe w’adasigana Uprona, kuva aho abategetsi b’uyo mugambwe bahinduriwe.

Inyuma y’aho umushikiranganji w’Uburundi ajejwe intwaro yo hagati atangarije kw’ashigikiye ingingo ya sentare ivuga kw’umukuru w’umugambwe Uprona ari Bonaventure Niyoyankana, mu nyuma vice president w’ico gihe, Bernard Busokoza agaca afuta iyo ngingo, imbere y’uko nawe akurwa n’umukuru w’igihugu, uruhagara rurabandanya kwiyongera mu mugambwe Uprona.

Ivyakwirikiye n’uko umushingantahe Bonaventure Niyoyankana nawe yaciye yanka kurangura ayo mabanga. Haheze imisi mike, umupfasoni Concilie Nibigira yaciye yandikira umushikiranganji ajejwe intwaro ho hagati amumenyesha kw’ariwe akwiye kuramutswa uyo mugambwe kuko mu mwaka w’2009, ariwe yari icegera c’uyo mugambwe. Ku musi wa gatatu naho, umushikiranganji Edouard Nduwimana, yaciye atangaza ko yemeye ivyasabwe n’umupfasoni Concilie Bibigira;

Kubera vyibonekeza ko mu mugambwe Urpona hari amashami atandukanye, twaratumiye abashingantahe babiri bahurikiye mur’uyo mugambwe, Francis Ngaruko hamwe na Evariste Ngayimpenda, hamwe na Patiri Desire Yamuremyi yanonosoye akwirikirana cane politike:
Mushobowa kwumviriza:
XS
SM
MD
LG