Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama, Yarakiye, Ejo ku Musi wa Kabiri, Prezida w'Ubufransa, Francois Hollande, i Washington DC.


Prezida wa Amerika, Barack Obama na prezida w'Ubufransa, Francois Hollande mu rugendo rwiwe i Washington DC
Prezida wa Amerika, Barack Obama na prezida w'Ubufransa, Francois Hollande mu rugendo rwiwe i Washington DC
Prezida Obama, yarahayagije ubucuti bumaze igihe kirekire, hagati y’Ubufransa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kuvuga ko Hollande ari umwe mu bategetsi bacuditse cane na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Prezida Obama, aratera iteka prezida Hollande,ejo ku muhingamo, mu birori vyateguwe na Reta vy’ugufungura vyabaye ubwa mbere, kuva prezida Obama atanguye ikiringo ca kabiri c’amabanga ya prezida.

Ibiganiro hagati y’abo bategetsi babiri, mu ngoro ya prezida, Maison Blanche, mu gittondo, c’ejo musi ku wa kabiri, vyashimikiye ku mugambi werekeye ibirwanisho ruhonyanganda w’igihugu ca Irani, Syria, utwigoro tw’ukurwanya iterabwoba muri Afrika, ubudandaji, ibibazo vyerekeye ubutunzi, n’ihindagurika ry’ibihe.

Prezida w’Ubufransa, Francois Hollande, yashitse muri Amerika, ku musi wa mbere, mu rugendo rwa mbere aho umuprezida w’Ubufransa yakiwe, n’icubahiro co ku rwego rwo hejuru, kuva mu mwaka w’1996.

Mu mpera z’umusi, prezida Obama, na prezida Hollande, baraza kuja mu gisagara ca Charlottesville, mu ntara ya Virginia, no mu na Monticello, inyubakwa yo mu kinjana ca 18, Thomas Jefferson yabamwo.
XS
SM
MD
LG