Uko wahagera

Igikombe c’Isi Yose c’Umupira w’Amaguru c’Abana bo Mw’ibarabara, mu Kwezi Kuza, mu Gihugu ca Bresil


Umuyobozi w'sihirahamwe, "NEW GENERATION", Dieudonne Nahimana, ari i bubanfu kw'ifoto
Umuyobozi w'sihirahamwe, "NEW GENERATION", Dieudonne Nahimana, ari i bubanfu kw'ifoto
Igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru c’abana bo mw’ibarabara cimirije kubera mu gihugu ca Bresil, mu kwezi kuza.

Ishirahamwe, “NEW GENERATION” ryitaho abana bo mw’ibarabara, mu Burundi, rizoserukira Uburundi, n’akarere ka Afrika, muri ico gikombe c’isiyi yose.

Umuyobozi w’ishirahamwe, “NEW GENERATION”, Dieudonne Nahimana, yavuze kw’ari iteka rikomeye kubona bazoserukira Uburundi, n’akarere ka Afrika, muri iryo higanwa.

Yamenyesheje ko bariko baheraheza imyiyetaguro y’iryo higanwa ntangere, rizohuza ibihugu mirongo ibiri na bitanu vyo kw’isi.

Jean Berchmans Manirakiza, yahoze ari umukinyi ku rwego rw’aba professionels, yarafashije mu kuronsa ibikoresho bimwe bimwe imikangara izoserukira Uburundi, mu gikombe c’isi yose, c’umupira w’amaguru, muri Bresil, mu kwezi kuza.

Vianney Ndihokubwayo, azoba ari capitaine w’umurwi uzoserukira Uburundi, na Eric Nimbona, umwe mu bakinyi bo mu murwi uzoserukira Uburundi, bavuga ko bazokora ibishobotse vyose, mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru c’abana bo mw’ibarabara, kizoba mu kwezi kuza, muri Bresil, kugira baheshe iteka bagenzi babo bahoze baba mw’ibarara, abakiba mw’ibarabara, igihugu cabibarutse c’Uburundi, mbere n’akarere kose ka Afrika.
please wait

No media source currently available

0:00 0:30:05 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG