Uko wahagera

Imirwi y’aba Islamu n’aba Kristu Kubo Badasangiye Idini muri Centrafrique

  • VOA Africa

Abanya Centrafrique b'aba Islamu bariko bahunga umurwa mukuru wa Centrafrique, Bangui

Abanya Centrafrique b'aba Islamu bariko bahunga umurwa mukuru wa Centrafrique, Bangui

Ivyabona batangaje kw’umurwi w’abantu bishe umu Islamu yariko agerageza guhunga igihugu ca Centrafrique, mu gihe umu Kristu yakubiswe gushika aho apfa n’aba Islamu, mu gitero gitandukanye.

Ivyo bitero vyose vyabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Centrafrique, Bangui, ejo ku musi wa gatanu, umusi umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatangaza ko yuguruye itohoza, ku bwicanyi bukabije buvurwako bwabereye, mu gihugu ca Centrafrique.

Ivyabona bavuga kw’umugabo w’umu Islamu yishwe, inyuma yuko akorotse kw’ikamyo yari mu modoka zari zitwaye aba Islamu ibihumbi n’ibihumbi, mu gihugu ca Chad, igihugu kigizwe ahanini n’aba Islamu.

Ivyabona bavuga kw’abateye uwo mugabo w’umu Islamu, bacagaguye ibice vy’umubiri wiwe.

Abanywanyi b’umurwi w’aba Kristu baragerageje gutera imodoka igira kabiri, yamara barasubijwe winyuma, n’abasirikare b’igihugu c’Uburundi, bari mu nteko zijejwe guncungera umutekano, z’ibihugu vyo muri Afrika, ziri mu gihugu ca Centrafrique.
XS
SM
MD
LG