Uko wahagera

Umuntu yari Indege Itwara Abantu y’Igihugu c’Ubugiriki Yaragerageje Kuyikatisha Kugira Ije mu Gisaga ca Sochi


Ikarata ya Turkiya
Ikarata ya Turkiya
Umuntu yari mu ndege yari ivuye mu gihugu ca Ukraine igiye mu gihugu ca Turkiya, avurwa ko yagerageje , yamara arananirwa gukatisha iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Turkiya kugira ije mu gisagara ca Sochi, mu gihugu c’Uburusiya, aho inkino mpuzamakungu za olympique zo mu gihe c’ubukanye ziriko ziraba.

Iyo ndege yari ivuye mu gisagara ca Kharkov, mu gihugu ca Ukraine, yari igiye mu gisagara ca Istambul, yarururutse ata kibazo, ku kibuga c’indege ca Sabiha Gocken, mu gisagara ca Istambul.

Abategetsi b’igihugu ca Turkiya, batangaje kw’uwo muntu yatangaje ko hari bombe muri iyo ndege, akaba yasavye kw'ija mu gisagara ca Sochi.

Ibinyamakuru, Radiyo na Televiziyo vy’igihugu ca Turkiya, vyatangaje kw’uwo muntu apfunzwe.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya, Intefax, ryasubiyemwo abategetsi b’igihugu ca Ukraine bavuga ko uwo muntu yari afise ubwenegihugu bwa Ukraine, kandi ko yari aborewe.
XS
SM
MD
LG