Uko wahagera

Amasezerano Y’Agahengwe Muri Sudani Yo Mu Bumanuko


 Riek Machar yahoze ari vice president w'igihugu ca Sudani yo mu bumanuko.
Riek Machar yahoze ari vice president w'igihugu ca Sudani yo mu bumanuko.

Imirwi itana mu mitwe mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko yaraye iteye igikumu ku masezerano y’agahengwe.

Ayo masezerano afise umugambi wo guhagarika ingwano yar’imaze indwi zitari nke hagati y’abasirikare ba reta, n’abasirikare bagwanya ubutegetsi.

Intumwa za president Salva Kiir hamwe n’intumwa z’umutegetsi arwanya reta, ejo ku musi wa kane, zarateye igikumu ku masezerano y’agahengwe I Addis Abeba ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, aho zari zimaze imisi ziri mu biganiro bihagarikiwe n’abategesi bo mw’ishirahamwe ryo mu ntara.

Intumwa zari mur’ivyo biganiro zateye igiku mu ku mazezerano abiri: Amasezerano ya mbere asaba impande zose guhagarika ingwano bunonyene, hamwe n’ukwirinda gukora ibintu vyose vyotuma ingwano isubira kwaduka.

Ayo masezerano avuga kandi ko hazogenwa umurwi uzoba ujejwe kugenduza hamwe n’ukuraba kw’ayo masezerano yubahirijwe.

Amasezerano agira kabiri yereyeke imbohe. Mu ntango ibiganiro vyari vyahagaze kubera reta yari yanse kurekura abanyapolitike 11 bashigikiye abatavuga rumwe na reta, bahagaritswe inyuma gatoyi y’aho iyo ngwano yadukiye mu kwezi kwa 12. Ayo masezerano asaba ko hatangura inzira yo kurekuriranira irimwo imbohe hamwe n’abanyapolitike.

Yamara intumwa ya reta yari mur’ivyo biganiro, yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika kw’iimbohe zizotegerezwa kuburanishwa n’ubutungane.
Abari mu biganiro, baremeye gusubira kubonana mu ntango z’ukwezi kwa kabiri.
XS
SM
MD
LG