Uko wahagera

President Mushasha Muri Republika Ya Centre Africa


Catherine Samba-Panza afise akanyamuneza nk'itorwa ryiwe mu kibanza ca president w'imfatakibanza kw'igenekerezo rya 20, ry'ukwezi kwa mbere, 2014.
Catherine Samba-Panza afise akanyamuneza nk'itorwa ryiwe mu kibanza ca president w'imfatakibanza kw'igenekerezo rya 20, ry'ukwezi kwa mbere, 2014.

President mushasha wa reta y’imfatakibanza mu gihugu ca Republika ya Central Afrika, yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika kw’ikintu ca mbere gihambaye agiye kwicarira, ar’ukugarukana amahoro hamwe no guhumuriza abanyagihugu.

Mu kiganiro ca mbere yatanze kuva aho atorewe ejo ku musi wa mbere, Catherine Samba-Panza yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ko kubona umufasoni arongora igihugu ca Republika ya Centre afrika, bizofasha guhindura imitima y’abanyagihugu badacana uwaka.

Samba- Panza niwe mufasoni wa mbere agiye kurongora ico gihugu kandi niwe mufasoni wa mbere, yabaye umukuru w’igisagara ca Bangui.

Yatowe ejo ku musi wa mbere n’inama nshingamateka y’imfatakibanza kugira ngo akure igihugu mu ngwano imaze amezi atari make, iri hagati y’abachristu hamwe n’abaislamu.
Ingwano yabaye mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika, yaratumye abantu barenga ibihumbi 900, bata ingo zabo.

Umufasoni Samba-Panza avuga kw’igihugu kiri mu bihe bigoye cane. Abanyagihugu barakenye cane, kandi barakeneye umutekano.
XS
SM
MD
LG