Abashigikiye izo nama bava kw’ukuri guherera mu kiyago. Bavuga kw’ingwano mu bisanzwe isambura, itubaka, kanatsinda, amaherezo y’inzira ngo ni mu nzu.
Abashigikiye inama nkuru nk’izo bavuga kw’ibiganiro, cane cane iyo bishigikiwe n’abahuza, ataho begamiye biba ingirakamaro.
Yamara abantu badashigikiye ivyo biganiro, bavuga ko kenshi na kenshi bihuza imirwi iba iriko iratana mu mitwe.
Bavuga kw’ivyo arivyo bituma, muri Afrika hama havutse imirwi irwanya ubutegetsi ngo kuko ariyo ihava ikumvirwa.
Bavuga kandi kw’iyo mirwi ikoresha ubundi buryo mu kugwanya ubutegetsi bw’igitugu canke ubutegetsi bwamunzwe na ruswa, ititabwaho:
Twaraganiye n’abashingantahe bakwirikirana cane ibiganiro hamwe n’inama nkuru nk’izo, barimwo Freddy Nkurukiye aba mu Busuisse, Salomon Baravuga nawe nyena aba muBuswisse hamwe na Gratien Rukindikiza aba mu gihugu c’Ubufaransa.
Mushobora gukwirikirana ico kiganiro.