Ivyo biganiro bifise umugambi wo kurondera amahoro mu gihugu ca Syria, bigiye gutangura mur’iyi ndwi, I Geneve mu gihugu c’Ubusuisse.
Umushingantahe Ban yabwiye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa mungu kw’umushikiranganji w’igihugu ca Irani ajejwe imigenderanire, Javad Zarif, yumva neza ikibazo co mu gihugu ca Syria azofasha mu gikorwa co gushinga reta y’imfatakibanza. Uyo mugambi wo gushinga reta y’imfatakibanza mu gihugu ca Syria, wafatiwe mu nama nkuru yabereye I Geneve, mu mwaka w’2012.
Umushingantahe Ban, avuga kw’umushingantahe Zarif yemeye kw’igihugu ca Irani kizogira uruhara rwubaka mur’ivyo biganiro.
Gushika ubu, igihugu ca Irani cahora ciyamiriza uyo mugambi w’amahoro mu gihugu ca Syria, ngo kuko washobora gukumira president Bashar al –Assad, asanzwe acuditse n’igihugu ca Irani.
Yamara umushingantahe Ban yavuze ko yibaza kw’igihugu ca Irani kizoshigira uyo mugambi ku gihugu ca Syria, wiswe, Geneva One.