Uko wahagera

Ingwano Muri Sudani yo mu Bumanuko, Ejo ku Musi wa Gatatu, Yabereye mu Ntara ya Upper Nile


Inteko za Reta y'igihugu ca Sudani yo mu bumanuko inyuma yuko zifashe igisagara ca Bentiu, umurwa mukuru w'intara ya Unity State

Inteko za Reta y'igihugu ca Sudani yo mu bumanuko inyuma yuko zifashe igisagara ca Bentiu, umurwa mukuru w'intara ya Unity State

Igisirikare co muri Sudani yo mu bumanukocararwanijeejo ku musi wa gatatu, abarwanya ubutegetsi mu ntara ya Upper Nile, iri mu buraruko bw’igihugu, mu gihe amakungu afise impungenge, kw’uruhagarara muri Sudani yo mu bumanuko rushobora kuvamwo ingwano y’urutavanako.

Umuvugizi w’igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko, Phillip Aguer, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’ingwano ibandanya, mu gisagara gitunze ibitoro ca Malakal, umurwa mukuru w’intara ya Upper Nile.

Inteko zishigikiye prezida Salva Kiir, ziriko zitana mu mitwe n’abasirikare bashigikiye Riek Macha,r yahoze ari icegera ca prezida, yirukanywe mu mabanga yiwe, mu kwezi kw’indwi mu mwaka uheze.

Ku musi wa kabiri, abarwanya ubutegetsi batangaje ko bafashe igisagara ca Malakal, ibintu vyiyamirijwe na Reta.

Mu vyo yashikirije ku musi wa gatatu, umuvugizi wa prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Ateny Wek Ateny, yateye akamo kuko hoba ubumwe, akaba byatangaje kw’inteko za Reta zizotsinda urugamba.
XS
SM
MD
LG