Uko wahagera

Abantu Ibihumbi n’Ibihumbi Barahuze Igisagara ca Bentiu, muri Sudani yo mu Bumanuko


Abavuye mu vyabo kubera ingwano muri Sudani yo mu bumanuko
Abavuye mu vyabo kubera ingwano muri Sudani yo mu bumanuko
Abasivile ibihumbi n’bihumbi, barahunze umurwa mukuru w’intara ya Unity, Bentiu, mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, mu gihe hari ubwoba bw’ugutana mu mitwe gushasha hagati y’abarwanya ubutegetsi, n’abasirikare ba Reta.

Umutegetsi ajejwe gutabara w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Toby Lanzer, yaragendeye, ejo ku musi wa kane, igisagara ca Bentiu, umurwa mukuru w’intara ya Unity.

Mu butumwa butari buke kuri Twitter, Toby Lanzer, yatangaje ko ata basivile yabonye, mu bice vyo hagati mu gisagara ca Bentiu, akaba yamenyesheje kw’amamangazini kw’isoko nkuru yasahuwe, ayandi arasamburwa.

Amakuru ava muri ako karere amenyesha kw’inteko zishigikiye prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, ziriko zitera zegereza igisagara ca Bentiu, kimaze indwi zitari nke kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, bashigikiye uwuhiganwa na prezida Kiir, Riek Machar.

Muri ico gihe, ibiganiro vy’amahoro mu gihugu ca Ethiopia ntibirabandanya, mu gihe Reta ya Sudani yo mu bumanuko yasubiye kwanka ibisabwa n’abarwanya ubutegetsi, vyuko abantu cumi n’umwe bapfungiwe ivya politike barekurwa.

Umuvugizi w’abarwanya ubutegets,i ari mu biganiro ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Abeba, yakoresheje uguhagarara kw’ibiganiro, ejo ku musi wa kane, kugira yagirize inteko z’igihugu ca Uganda ko ziriko zigira ibitero, ku birindiro vy’abarwanya ubutegetsi.

Yamara abategetsi b’igihugu ca Uganda bavuga kw’igitigiri c’abasirikare ba Uganda bari muri Sudani yo mu bumanuko, kigereranye kugira gikingire abanya Uganda bafatiwe muri ico gihugu.
XS
SM
MD
LG