Uko wahagera

Abategetsi bo mu biro kwa prezida wa Amerika Barishuye, ku Gitabo Gishaha ca Robert Gates


Robert Gates yahoze ari umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika
Robert Gates yahoze ari umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika
Abategetsi bo mu biro kwa prezida wa Amerika, Maison Blanche, n’abarongoye abo mu mugambwe w’Abarepublika, bariko barishura ku gitabo gishasha ca Robert Gates, yahoze ari ari umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, kivuga ibintu bitanejereje kuri prezida Obama, icegera ca prezida, Joe Biden, na Hilary Clinton yahoze ari Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika.

Mu gitabo, “Duty:Memoirs of a Secretary at War”, Gates avuga ko prezida Obama yari afise amazinda, ku migambi ya Reta yiwe y’ukwongereza inteko za Amerika mu gihugu ca Afghanistani.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida Obama, Jay Carney, yishuye ejo ku musi wa gatatu, mu kuvugako Gates yari umwe mu bategetsi bakomeye bari bagize umurwi, ivyiyumviro vyabo vyari bikenewe, kugira bishire mu ngiro imigambi myiza, mu gihugu ca Afghanistani.

Senateri w’Umurepublika, Jonh McCain, yabwiye televiziyo CNN, ku musi wa kabiri kw’amajambo ya Robert Gates azogira ingaruka zikomeye.

Kuba yanebaguye, mu gitabo ciwe gishasha, icegera ca prezida wa Amerika, Joe Biden, na Hilary Clinton, yahoze ari Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, bibaye mu gihe abo bategetsi bompi babonwa ko bari mu bantu bakomeye bashobora kuzohiganwa, mu mwatora y’umukuru w’igihugu, yo mu mwaka w’2016.

Gates yatangaje ko Joe Biden, yihenze ku migambi nka yose, yerekeye politike yo hanze, n’umutekano w’igihugu, mu kiringo c’imyaka mirongo ine irangiye.

Yamara abategetsi bo mu biro kwa prezida wa Amerika, barabihakana, mu kuvuga ko Biden ari umwe mu bategetsi bo mu gihe ciwe, bafashije gukomera ubuyobozi bwa Amerika kw’isi.
XS
SM
MD
LG