Uko wahagera

Ibiganiro vy’Amahoro kuri Sudani yo mu Bumanuko, Bisa n’Ivyahagaze Ejo ku Musi wa Gatatu.


Abaserukira abarwanya Reta ya Sudani yo mu bumanuko bari i Addis Abeba mu biganiro na Reta
Abaserukira abarwanya Reta ya Sudani yo mu bumanuko bari i Addis Abeba mu biganiro na Reta
Ibiganiro vy’amahoro hagati ya Reta ya Sudani yo mu bumanuko n’abayirwanya, bisa n’ivyahagaze, ku muhingamo w’ejo ku musi wa gatatu, igihe abarwanya ubutegetsi batangaza ata gahengwe kazohaba gushika prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, yisubiyeko, akarekura abategetsi cumi n'umwe bashigikiye abarwanya Reta bapfunzwe.

Gushika ubu, prezida Kiir, yaranse kurekura abo bantu bategetsi bapfunzwe, bafashwe mu mwaka uheze, bagirizwa ko bagize uruhara mw’itegurwa rya coup d’etat.

Mu ntango z’umusi w’ejo ku wa gatatu, abaserukira Reta batangaje ko bari biteguriye gutera igikumu, ku masezerano yerekeye agahengwe vuba, yamara nta birenga ngaho bamenyesheje.

Impande zibiri zirwan,a muri Sudani yo mu bumanuko, ziri zibonana amaso mu yandi, mu bubaye ubwa mber,e ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba, mu gihe ingwano ibandanya mu gihugu cazo.

Radiyo, Tamajuz, yo muri Sudani yo mu bumuanuko yatangaje kw’igisagara ca Mayon, mu ntara ya Unity, casambuwe inyuma y’imisi ibiri y’ingwano ikomeye, hagati y’inteko zishigikiye prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Slva Kiir, n’abayonkoye ku gisirikare ca Reta bashigikiye Riek Macha,r ahiganirwa ubutegetsi na prezida Kiir.

Ingwano n’ubwicanyi bimaze hafi y’ukwezi muri Sudani yo mu bumanuko, bimaze guhitana abantu barenga igihumbi, bituma abantu bagera ku bihumbi amajana abiri bahunga ingo zabo.
XS
SM
MD
LG