Uko wahagera

Reta ya Sudani yo mu Bumanuko n’Abayirwanya, Bariko Bariyumvira Ivyerekeye Guhagarika Ingwano

  • VOA Africa

Abasirikare bava mu Rwanda bari mu nteko zijejwe gucungera umutekano z'ishirahamwe O-N-U muri Sudani yo mu bumanuko

Abasirikare bava mu Rwanda bari mu nteko zijejwe gucungera umutekano z'ishirahamwe O-N-U muri Sudani yo mu bumanuko

Abaserukira Reta y’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, n’abaserukira abarwanya ubutegetsi, bariko barihweza umugambi w’uguhagarika ingwano.

Abahuza bo mu karere, barashikirije integuro y’amasezerano, ejo ku musi wa kabiri, mu gihugu ca Ethiopia, mu biganiro bigenewe guhagarika ingwano yihaye inkumbi imaze ikiringo kirenga indwi zitatu, muri Sudani yo mu bumanuko.

Abahuza bava mw’ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, mu mpfunyapfunyo, IGAD, mu nyuma yaho baragiye n’indege, ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba, kubonana n’abategetsi ba Reta.

Ishirahamwe IGAD, ryamenyesheje kw’ibiganiro bishimikiye, ku vyerekeye gushika ku masezerano y’uguhagarika ingwano, n’ivyerekeye abategetsi bashigikiye abarwanya ubutegetsi bapfunzwe na Reta mu kwezi guheze.

Abarwanya ubutegetsi bariko baguma basaba kw’abo betegetsi barekurwa.

Reta ya Sudani yo mu bumanuko yatangaje kw’ishobora kubarekura, mu gihe inyuma yuko ibijanye n’amategeko vyubahirijwe.

Ingwano muri Sudani yo mu bumanuko imaze guhitana abantu barenga igihumbi, abandi ibihumbi amajana abiri bakaba bamaze kuva mu ngo zabo.

Mu vyo yashikirije, ejo ku musi wa kabiri, icegera c’umuvugizi w’ishirahamwe O-N-U, Farhan Haq, yatangaje ko hari amakuru yerekeye ingwano ibandanya hafi y’igisagara kiri mu minwe y’abarwaya ubutegetsi ca Bor, umurwa mukuru w’intara ya Jonglei.

Haq, avuga ko inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe O-N-U, zamenyesheje ko zabonye imihana iriko iraturirwa, canke isahurwa, mu ntara ya Unity State, abategetsi baho bakaba bamenyesha ko hari ibibazo bikomeye vy’ukubura kw'ibifungurwa n’amazi.
XS
SM
MD
LG