Uko wahagera

Ica Kabiri c’Abanya Centrafrique Bakeneye Infashanyo

  • VOA Africa

IAvbakuwe mu vyabo n'ubwicanyi muri Centrafrique

IAvbakuwe mu vyabo n'ubwicanyi muri Centrafrique

Umutegetsi mukuru ajejwe ibibazo vya politike mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Jerry Feltman, yatangaje kw’ibintu biriko bitera biyanzara kurushiriza, ku banyagihugu bo muri Centrafrique, inyuma y’ubwicanyi bufatiye ku madini.

Jerry Feltman yabwiye urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe umutekano kw’isi, ejo ku musi wa mber,e kw’abantu barenga ibihumbi amajana icenda na mirongo itatu na bitanu, muri iki gihe barara hanze, canke mu bibanza vy’igihe gitoyi.

Yatangaje ko hafi y’ica kabiri c’abanyagihugu bo muri Centrafrique, n’ukuvuga hafi y’imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana abiri bakeneye infashanyo. Yamenyesheje kw’ibintu bimeze nabi kurushiriza, ku murwa mukuru wa Centrafrique, Bangui.

Feltman, amenyesha kw’igitigiri c’abantu bamaze gupfa, ku murwa mukuru Bangui, honyene barenga amajana indwi na mirongo itanu, akaba yamenyesheje abamaze gupfa hanze y’umurwa mukuru, bashobora kuba barenga ngaho.

Uruhagarara n’ubwicanyi vyarabandanaije, naho hari abasirikare b’abafransa, n’abasirikare b’Abanyafrika ibihumbi n’ibihumbi, mu gihugu ca Centrafrique, bagerageje kwaka ibirwanisho abantu bavyitwaje.
XS
SM
MD
LG