Uko wahagera

Impande Zirwana muri Sudani, Ziratangura Ibiganiro Amaso mu Yandi, uno Musi ku wa Kabiri


Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir,i bubanfu ari kumwe na prezida wa Sudani, Omar al-Bashir, i buryo , ku murwa mukuru wa Sdani yo mu bumanuko,Juba, kw'italiki zitandatu z'ukwezi wa mbere, umwaka w'2014
Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir,i bubanfu ari kumwe na prezida wa Sudani, Omar al-Bashir, i buryo , ku murwa mukuru wa Sdani yo mu bumanuko,Juba, kw'italiki zitandatu z'ukwezi wa mbere, umwaka w'2014
Reta y’igihugu ca Sudani n’abayirwanya, barumvikanye gutangura ibiganiro amaso mu yandi, uno musi ku wa kabiri, inyuma y’imisi y’ukutumvikana, ku kugene ibiganiro bizogenda n’ibizoba biri mu biganiro.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Ethiopia, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’icongereza, kw’ivyerekeye guhagarika ingwano bizoba biri mu bizokwihwezwa, mu biganiro vy’amahoro hamwe, n’ibindi bibazo bitari bike.

Abajejwe ibiganiro baserukira Reta ya Sudani yo mu bumanuko, n’abarwanya ubutegetsi, barerekanye umwizero, ku vyerekeye ivyo biganiro.

Umutegetsi mukuru mu bajejwe ibiganiro, baserukira abarwanya ubutegetsi bwa Sudani yo mu bumanuko, General Tabang Deng Gai, yatangaje umurwi wiwe utumvikanye na Reta. Yamara amenyesha kw’ugusubiza hamwe bishoboka.

Mui ico gihe prezida w’igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir, yaragendeye Sudani yo mu bumanuko, ejo ku musi wa mbere, akaba yemeye ko Reta yiwe itazoshigikira abarwanya ubutegetsi, muri Sudani yo mu bumanuko.

Muri kahise Sudani na Sudani yo mu nbumanuko vyagirizanije, ku vyerekeye gushigikira abarwanya ubutegetsi, bw’ivyo bihugu bibiri.
XS
SM
MD
LG