Uko wahagera

Papa Francis Azogendera Akarere Gahezagiye, mu Kwezi kwa Gatanu

  • VOA Africa

Papa Francis

Papa Francis

Papa Francis azoja mu gihugu ca Jordaniya, mu ntara ya Cisjordaniya, no mu gihugu ca Israel mu kwezi kwa gatanu.

Papa Francis, yatangaje kw’azogenderan ibisagara vya Amman, Bethlehem na Yeruzelemu, hagati y’italiki 24 n’italiki mirongo ibiri na zitandatu z’ukwezi kwa gatanu.

Nirwo rugendo rwonyene rwa Papa Francis rwemejwe gushika ubu, muri uyu mwaka w’2014, rukaba ari urugendo rwa kabiri azoba agize, mu mahanga, inyuma yuko agendeye igihugu ca Brezil, mu mwaka w’2013, ku musi mpuzamakungu wagenewe urwaruka.

Papa Francis, yatangaje kw’ikintu nyamukuru ashaka gushikako, ar’uguhimbaza imyaka mirongo itanu izoba irangiye Papa Paul wa gatandatu, abonanye n’umuyobozi mukuru w’Abakristu b’Aba Orthodoxes, Patriarche Athenagoras, mu gisagara ca Yeruzalemu.

Aba Katolika n’aba Orthodoxes bigabuyemwo kubiri, mu mwaka w’1054.

Mu rugendo rwiwe, Papa Francis, yatangaje kw’azogirisha inama abaserukira amasengero y’Abakristu bose, mu gisagara ca Yeruzalemu.

Papa Francis, yatumiwe kugendera akarere gahezagiye na prezida w’igihugu ca Israel, Shimon Peres, na prezida w’ubutegetsi bw’abanya Palestina, Mahmoud Abbas.

Papa Francis, yarateye akamo incuro zitari nke kerekeye amahoro, mu karere ka Israel n’Abanya Palestina.

Yasavye kw’amatati hagati ya Israeal n’Abanya Palestina, yotorerwa inyishu yuzuriza impande zose kandi irama
XS
SM
MD
LG