Uko wahagera

Abantu Bashika 13, Barishwe Mu Misiri.


Umusirikare ariko aratambuuka mu myotsi, igihe abapolisi bariko baratana mu mitwe n'abanyagihugu bashigikiye president Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi, mu myiyerekano yabereye mu gisagara Alexandria, ku musi wa gatanu, itariki 3, ukwezi kwa mbere, umwaka w'2014.
Umusirikare ariko aratambuuka mu myotsi, igihe abapolisi bariko baratana mu mitwe n'abanyagihugu bashigikiye president Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi, mu myiyerekano yabereye mu gisagara Alexandria, ku musi wa gatanu, itariki 3, ukwezi kwa mbere, umwaka w'2014.

Mu gihugu ca Misiri, abantu bashika 13 barishwe ejo ku musi wa gatanu, igihe abapolisi bariko barashwiragiza abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi.

Abo banyagihugu bashwiragije bashigikiye umuhari Muslim Brotherhood kandi baharanira gusubiza president Mohamed Morsi ku butegetsi.

Abantu bavyiboneye bavuga kw’abapolisi bashwiragije abantu bariko baragira imyiyerekano, yariko ibera mu bisagara vya Ismalia, Alexandria na Gaza.

Imbere y’aho abategetsi bari bagabishije ko batazosubira kwihanganira imyiyerekano y’abanyagihugu bahurikiye mu muhari Muslim Brotherhood, inyuma y’aho batangarije mu kwezi guheze kw’uyo muhari utacemewe n’amategeko, ngo kuko ar’umurwi ukora ibitero vy’iterabwoba.

Umushikiranganji w’igihugu ca Misiri ajejwe amagara y’abantu, yavuze ko batanu mu bantu baguye mur’ubwo bwicanyi, biciwe ku murwa mukuru Cairo, yamara ntiyavuze niba bari ar’abapolisi, abantu bariko baragira imyiyerekano canke niba bari abantu bariko bararorera iyo myiyerekano. Abantu barenga 120, barahagaritswe.

Reta y’igihugu ca Misiri ishigikiwe n’abasirikare yakuye ku butegetsi umushingantahe Morsi mu kwezi kw’indwi, yama yakoresheje ijambo” abakora iterabwoba”, mu kuvuga abanyagihugu bahurikiye mu muhari Muslim Brotherhoood.

Abandi baharurwa mu bihumbi, barimwo abategetsi bo mu muhari Muslim Brotherhood, bamaze amazi atari make bapfunzwe.
XS
SM
MD
LG