Uko wahagera

Muri RCA, Ingwano, Yarakuye Mu Zabo, Abanyagihugu Umuliyoni


Abana bari iruhande y'abasirikare b'igihugu c'UbuFaransa ku murwa mukuru Bangui ku musi wa gatatu itari ya mbere y'ukwezi kwa mbere,
Abana bari iruhande y'abasirikare b'igihugu c'UbuFaransa ku murwa mukuru Bangui ku musi wa gatatu itari ya mbere y'ukwezi kwa mbere,

ONU yatangaje kw’ubwicanyi mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika, bumaze gukura mu zabo, abanyagihugu bashika umuliyoni.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bivuga kandi kw’umutekano muke utuma abo banyagihugu badashobora kuronswa imfashanyo bakeneye.

Mw’itangazo ryasohowe ejo ku musi wa gatanu, ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu vyaratangaje ko gusahura; gutera abasivile; hamwe n’imirwi yitwaje ibigwanisho iri mu makampi yakoranirijwemwo impunzi, bituma igikorwa co kugarukira imbabare, kigorana.
Ku murwa mukuru Bangui, ishirahamwe ry’abaganga ataho bimiriwe, Medecins Sans Frontieres, ryatangaje ko ryabaye rirahagarika ibikorwa vyaryo, ryahora rirangurira hafi y’ikibanza c’indege, mu kibanza gikoranirijwemwo abanyagihugu barenga ibihumbi 100, bahunze ingwano.

Umuyoboizi w’iryo shirahamwe Carolina Lopez, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika kw’abasivile batari bake bari mur’ico kibanza, barashwe.

Lopez yavuze ko gushika ubu, uruhara rw’abarwanya ubutegetsi mu bikorwa vyo kurasa abasivile, rutaramenyekana, kandi ngo ntibiramenyekana niba, abasivile bahigwa.
Yavuze kw’ivyo, arivyo vyatumye iryo shirahamwe riba rirahagaritse ibikorwa vyaryo vyose, kiretse ibikorwa vyihutirwa.
XS
SM
MD
LG