Uko wahagera

Mu Gihugu Ca Sudani Yo Mu Bumanuko Ibiganiro Vyatanguye


Pesident w'a Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir ari kumwe na bagenzi biwe b'igihugu ca Ethiopia n'igihugu ca Kenya, Hailemariam Desalegn na Uhuru Kenyatta, kw'igenekerezo rya 26, ukwezi kwa 12, mu mwaka w'2013 Dec.
Pesident w'a Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir ari kumwe na bagenzi biwe b'igihugu ca Ethiopia n'igihugu ca Kenya, Hailemariam Desalegn na Uhuru Kenyatta, kw'igenekerezo rya 26, ukwezi kwa 12, mu mwaka w'2013 Dec.

Ibiganiro bifise umugambi wo kurangiza intambara imaze indwi zitari nke mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, birabandanya.

Mur’iki gihe kandi reta zunze ubumwe za amerika ziriko ziratahukana abakozi bayo bari mur’ico gihugu.

Intumwa ziserukira reta ya Sudani yo mu bumanuko, hamwe n’intumwa ziserukira abagwanya ubutegetsi bari bagerageje gutembagaza iyo reta, zose zarabonanye n’abahuza ku murwa mukugu w’igihugu ca Ethiopia, yamara ibiganiro amaso mu yandi ntibiratangura.

Abahuza bava mu bihugu bigize ishirahamwe rijejwe iterambere IGAD, barizeye ko bazoshobora kwumvikanisha impande zose kugira ngo ico gihugu gishasha, ntinjire mu ngwano yotikiza abanyagihugu.

Ingwano hagati y’abasirikare ba president Salva Kiir hamwe n’abasirikare bashigikiye Riek Machar yahoze ari vice president, iramaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga 1000.

Impande zose zirabandanya ingwano no mur’iki gihe ibiganiro vyatanguye. Abasirikare ba reta ya Sudani yo mu bumanuko, bariko bagana igisagara ca Bor, umurwa mukuru w’intara ya Jonglei, abarwanya ubutegetsi bacumbitsemwo, igisagara kiri ku birometero 200, mu buraruko bw’umurwa mukuru Juba. Yamara abasirikare b’intwazangabo barwanya ubutegetsi, bagabishije ko bashobora kuva mu gisagara ca Bor, bakaja ku murwa mukuru Juba.

Ejo ku musi wa gatanu, ambassade ya reta zunze ubumwe za amerika ku murwa mukuru Juba, yaratanze amategeko yo gukura abandi bakozi bayo mur’ico gihugu, kubera umutekano ubandanya guhungabana.
XS
SM
MD
LG