Uko wahagera

Ibiganiro vy’amahoro Bitegekanijwe Kuba, mu Gihe Ingwano Ibandanya muri Sudani


Abakuwe mu vyabo n'ingwano muri Sudani yo mu bumanuko
Abakuwe mu vyabo n'ingwano muri Sudani yo mu bumanuko
Igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko catangaje ko kiriko gitera kija mu bice biri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, imbere yuko ibiganiro vy’amahoro bitangura icese, hagati y’abaserukira prezida wa Sudani, Salva Kiir n’umuyobozi w’abarwanya ubutegetsi, Riek Machar.

Ejo ku musi wa kane, umukuru w’igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko, James Mai, yatangaje kw’inteko za Reta zariko zitera zegereza umurwa mukuru w’intara ya Jonglei, Bor, uri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, ahabereye ugutana mu mitwe gukomeye muri iyi ndwi.

Ingwano yarabandanije, mu gihe abaserukira prezida wa Suidani yo mu bumanuko, Salva Kiir, n’uwuyoboye abarwanya ubutegetsi, Riek Machar, bahuriye ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba, kuganira uburyo bw’uguhagarika ingwano n’uruhagarara birangwa, muri Sudani yo mu bumanuko.

Umumenyeshamkuru w’Ijwi rya Amerika, i Addis Abeba, yatangaje kw’abaserukiye izo mpande zibiri, mu biganiro baza gutangura icese biganiro, uno musi ku wa gatanu.
XS
SM
MD
LG