Uko wahagera

Umutegetsi Akomeye w’Umusirikare muri Congo Yarishwe mu Mutego


Imodoka, Colonel, Mamadou Ndala yarimwo iriko irasha
Imodoka, Colonel, Mamadou Ndala yarimwo iriko irasha
Umutegetsi w’umusirikare muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, Colonel Mamadou Ndala, yafashije Reta gutsinda umurwi warwanya ubutegetsi M23, yarishwe mu gitero ca Roquette.

Colonel Mamadou Ndala, yapfuye igihe imodoka yarimwo yagwa mu mutego, mu ntara ya Kivu yo mu buraruko. Abasirikare babiri bajejwe umutekano nabo nyene barishwe.

Nta wiyitiriye buno nyene ico gitero. Yamara itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, Agence France Presse, ryasubiyemwo umuvugizi wa Reta ya Congo, Lambert Mende, avuga kw’umurwi urwanya ubutegetsi bwa Reta ya Uganda, ADF-NALU, bisa nuko ariwo wagirizwa ico gitero.

Abategetsi ba Congo bagirije umurwi urwanya ubutegetsi bwa Uganda ugizwe n’aba Islamu, ADF-NALU, ibitero bitari bike vyabaye, mu ntara ya Kivu yo mu buraruko, harimwo igitero cabaye hagati mu kwezi kw’icumi na kabiri, cahitanye abantu mirongo ibiri n’umwe.

Inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, n’inteko za Reta ya Congo zimaze igihe zirwanya imirwi irwanya ubutegetsi itari mike, mu buseruko bwa Comngo.
XS
SM
MD
LG