Uko wahagera

Inteko za Reta ya Nigeria Zishe Abarwanyi Mirongo Itanu


Umuvugizi w'Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, General Major, Chris Olukolade
Umuvugizi w'Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, General Major, Chris Olukolade
Igisirikare c’igihugu ca Nigeria, catangaje kw’abasirikare baco bishe abarwanyi b’aba Islamu mirongo itanu, canke barenga, mu gikorwa c’uguhiga abagize igitero, cihaye inkumbi, kw’ikambi y’igisirikare, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, General Major, Chris Olukolade, yatangaje, ku musi ku wa kabiri, kw’abasirikare cumi na batanu, n’abasivile batanu, bishwe, mu gitero cabaye, ku musi wa gatanu ahitwa, Bama.

Ico gisagara, kiri mu ntara ya Borno, kamwe mu turere aho Reta y’igihugu ca Nigeria yashizeho amategeko yo mu bihe bidasanzwe, irungikayo abandi basirikare kurwanya abarwanyi b’aba Islamu.

Umurwi w’abarwanyi b’aba Islamu, Boko Haram, wariyitiriye igitero cabaye, mu kibanza ca gisirikare, mu ntango z’uku kwezi, mu gisagara ca Maiduguri, umurwa mukuru w’intara ya Borno.
XS
SM
MD
LG